Amakuru
20 mars 2024

Leta ikwiye kureka abarwizatunga bagashira imitahe yabo mu gisata c’igitoro (PARCEM)

Ishirahamwe rishasha rya leta rigiye guhabwa uburenganzira bwo kwinjiza ryonyene igitoro mu Burundi, rikwiye gukwirikiranirwa hafi na leta kugira ntirijemwo kurya ibiturire bisanzwe vyariraye mu mashirahamwe ya leta. Biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ryiyemeje guhimiriza Abarundi guhindura ingendo PARCEM. Faustin Ndikumana, arongoye PARCEM, ahanura leta ko yoreka n’abigenga bakemererwa gushira imitahe yabo muri urwo rudandazwa.