Amakuru
14 février 2023

Leta igiye gushiraho umunsi wahariwe inkerebutsi mu Burundi

Hagiye kubaho buri mwaka umunsi wahariwe inkerebutsi mu Burundi. Vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ku munsi wa gatanu itariki 10 Ruhuhuma. Hari mu kiganiro citiriwe Inkerebutsi yagiranye n’urwaruka ruhurikiye mu bisata bitandukanye. Evariste Ndayishimiye akaba yemeye ko uwa mbere azohabwa agashimwe.