Amakuru
29 avril 2022

Leta ifise uruhara runini mu gukingira abanyagihugu amabi atandukanye

Umuntu umwe yarishwe n’akarwi k’Imbonerakure mu ntara ya Kirundo, muri komine Gasorwe kw’itariki ya 10 Ndamukiza 2022. Ivyo tubisanga mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka co mu ndwi iheze. Egide Havugiyaremye, ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, avuga no ku yandi mabi akorwa n’inzego zitandukanye. Agasaba leta ko yoshengeza imbere y’ubutungane abagirizwa ayo mabi.