Amakuru
22 avril 2022

Kwubaka amazu y’uburaro rusangi, umugambi w’ubushikiranganji bw’Inyubako

Amazu y’uburaro ya leta agizwe n’amagorofa agiye kwubakwa mu Burundi. Vyamenyeshejwe kuri uyu wa kabiri n’umushikiranganji w’Inyubako, ibikorwa vya leta n’ukurwiza uburaro. Ni igihe yariko arashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca gatatu c’umwaka w’2021 ushira uw’2022. Déogratias Nsanganiyumwami yaramenyesheje kandi ko ibibanza vya mbere bizokwubakwamwo ayo mazu biza bizwi.