Amakuru
27 juillet 2023

Kwubahiriza ibitigiri vy’ubwoko vyaje gukinga ko ubwoko, umugambwe birimwo benshi bihotora abandi

Gusuzuma ivyo kugabanganya ubutegetsi bifatiye ku bwoko vyari bikwiye gukorwa imbere y’uko Ibwirizwa nshingiro ryo mu 2018 rishirwaho. Bivugwa na Evariste Ngayimpenda, wo mu mugambwe UPRONA. Abivuze inyuma y’aho Inama nkenguzamateka itangarije ko igiye kwiga ko hageze ko ivyo kwubahiriza ibitigiri vy’ubwoko buserukirwa mu nzego vyohagarara. Ngayimpenda abona ko ivyo bitigiri vyaje kubuza ko haba ubwoko butwaza igikenye ubundi canke umugambwe ugunga iyindi.