Amakuru
22 décembre 2021

Kwita izina ubwicanyi bwabaye mu 1972 vyerekana ko CVR iriko irakoreshwa n’umugambwe CNDD-FDD

Nta gitangaje kubona umurwi CVR wemeza ubwicanyi bwabaye mu 1972 ko ari ihonyabwoko ryakorewe Abahutu. Kuko ari umurwi washizweho n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD uwukoresha. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira, yahoze ari Icegera c’umukuru w’Igihugu. Akabivuga mu gihe umurwi CVR wari waramutse ushikirije ku munsi wa mbere icegeranyo cawo cakoze co mu mwaka w’2021 imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka bikoranye. Frederiko Bamvuginyumvira akabona ko intumbero ya CVR ari iyo kwerekana uruhande rumwe gusa kugira ukingire umugambwe CNDD-FDD.