Amakuru
25 mai 2022

Kw’Īsôko : Ni kuki leta ihisha urupfu rw’abasirikare biciwe muri Somaliya ?

Mu bucagucagu bwo ku wa 3 Rusama uyu mwaka, ingabo z’Uburundi zarungitswe gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya zaratewe, intagondwa z’aba Al-shabab zabateye ku kirindiro cabo c’i Ceel Baraf. Igisoda c’Uburundi caciye cihutira kwandika ko ingabo z’Uburundi 10 ari zo zasize ubuzima muri ico gitero, 5 na bo bakaba barabuzwe irengero. Abasoda bari ku rubuga muri Somaliya bavuga ko abarenga 30 bishwe, ibiziga rero hamaze kuboneka bike cane. Mu miryango baracarindiriye inkuru y’imvaho, icizere naco c’ukuronka ibiziga ku batari bake gitera kigabanuka.

Imiryango y’ababuze ababo yoba imerewe gute kuba itazi ko izoronka ababo ngo ibashingurane iteka ?

Abaganga mu vy’inyifato y’abantu bo bavuga iki ku bijanye n’ingaruka zishobora gushikira iyo miryango yabuze ababo ntibapfube ?