Société
18 janvier 2021

Kw’Isôko : Ni izihe ngorane abarundi baba mu Rwanda bahura nazo mu gihe bariko barasaba ubuhungiro?

Haraheze hafi imyaka ibiri ishirahamwe HCR ridatunganya igikorwa co kwandika no gutanga ivyangombwa ku mpunzi zitari zike zihungira mu bisagara vy’igihugu c’Urwanda nka Kigali, Nyamata, Huye n’ahandi. Ba nyene kubura ivyangombwa bavuga ko bituma bahomba ibintu vyinshi cane.