Amakuru
6 septembre 2022

Kw’Īsôko: Igipolisi ca Tanzaniya kirabandanya kuburabuza impunzi z’Abarundi

Leta ya Tanzaniya imaze amezi atari make ikora ibishoboka vyose kugira impunzi z’Abarundi ziri mu makambi zihagarike ibikorwa bizinjiriza amafaranga. Ariko bamwe mu mpunzi babona ko ubuzima bwabo bwogeramirwa cane hamwe boba badafise ingene bisumamwo muri ayo makambi.

Abaharanira agateka ka zina muntu baha iyihe nsiguro iyo nyifato ya Tanzaniya ?