Société
27 janvier 2021

Kw’Īsôko : Gukoresha udusandugu two gutamwo imyanda, vyoba vyaritabiriwe n’abanyagisagara?

N’aho hashizweho udusandugu two gutamwo imyanda mu bibanza bihuriramwo abantu benshi muri komine ya Mukaza, imyanda y’ubwoko bwose iracibonekeza ahatari hake. Guta imyanda mu dusandugu twabigenewe ntibiraja mu mibereho y’abanyagihugu ari naho inyigisho zo kubahimiriza zikwiye kwamaho.