Ukwinjira kw’Uburundi mw’isoko rusangi rya Afrika ni inyungu ku gihugu no ku banyagihugu. Bishikiririzwa na Aimable Manirakiza, arongoye ikigo Centre for development and enterprises Great lakes. Hari mu nama yahuje abahinga bavuye mu bisata bitandukanye n’abikorera utwabo. Avuga kandi ko bizotuma haba igabanywa ry’ibiciro ku masoko kandi bikazokworohereza n’abanyagihugu bato bato mu kuronka akazi mu gihe hoza amashirahamwe avuye hanze aje gukorera ku butaka bw’Uburundi.
Amakuru
4 décembre 2021
