Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko badatahura ingene impunzi z’Abarundi zahora mw’ikambi ya Mutenderi zimurirwa mw’ikambi ya Nduta. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani CBDH/VICAR akamenyesha ko ivyo bizogira ingaruka mbi kubera ko ikambi ya Nduta yama yibonekejemwo umutekano muke. Muri CBDH/VICAR baboneraho gusaba impunzi kubandanya bicungerera umutekano wabo.
Droits humains
27 juillet 2021
