Amakuru
25 janvier 2022

Kwigisha abanyagihugu ivya gisirikare mu kubategurira kuja kurwana hanze kubwa CNDD-FDD

Kwigisha abanyagihugu gukunda igihugu no kukirwanira ngo niwo mugambi wa leta y’Uburundi. Bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD. Hari mu mpera z’indwi iheze mu nama yagiranye n’Abagumyabanga bo mu ntara ya Ruyigi. Reveriyano Ndikuriyo akabwira abavyeyi ko bakwiye gutinyuka bakarungika abana babo mu gisirikare.