Amakuru
31 janvier 2024

Kwiga indimi ni ngirakamaro n’aho umukuru w’Igihugu Ndayishimiye atabizi (Ntibashirakandi)

Birababaje kubona umukuru w’Igihugu atazi akamaro ko kwiga indimi mpuzamakungu nk’igifaransa n’icongereza. Bivugwa n’umwigisha muri kaminuza Libérat Ntibashirakandi. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko bibabaje kubona hari abantu banka kwiga bakaja kwiga icongereza canke igifaransa. Ntibashirakandi ahimiriza urwaruka ahubwo kwijukira kwiga izo ndimi ahubwo bongereko n’izindi nk’ikidagi, igishinwa n’izindi.