Amakuru
27 avril 2023

Kwibukanya imyiyerekano yo mu 2015 yo kwiyamiriza ihonyangwa ry’amabwirizwa y’Uburundi

Kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza umwaka w’2015, ni ho Abarundi isinzi, cane cane abo mu gisagara ca Bujumbura, bihereza amababara biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza. Mu kuja muri iyo myiyerekano, batewe akamo n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, hamwe rero na bamwe mu bihangange muri uwo mugambwe uri ku butegetsi babona ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza gihonyanze Ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, n’amasezerano y’amahoro y’i Arusha.