Amakuru
3 mai 2023

Kwibuka igandagurwa ry’umwami Ntare wa V ni uburyo bwiza bwo guhoza Abarundi

Birakenewe cane ko haba ibirori vyo kwibuka igandagurwa ry’umwami w’Uburundi wa nyuma Ntare wa V kugira umuryango wiwe uhumurizwe eka n’Abarundi bose bahozwe. Eric Innocent Harerimana, arongoye umuryango w’Abaganwa uba mu gihugu c’Ububiligi, yabivuze mu mpera z’indwi iheze, igihe haba ivyo birori. Yaramenyesheje ko kuva ubu ivyo birori bizohora biba uko umwaka utashe. Agahamagarira Abarundi bose kwumva ko ari ngirakamaro kugira uwo munsi hibukwe n’abandi Barundi bose bahitanywe n’ububisha bwakozwe mu mwaka w’1972.