Amakuru
5 janvier 2023

Kwibuka abahitanywe n’ubwicanyi bwo ku wa 21 Gitugutu 1993, bizoza birabera mu kibanza kimwe

Imanza zo kwibuka abahitanywe n’ubwicanyi bwo kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu mu 1993, zizoza zirabera mu kibanza kimwe kugira Abarundi babandanye birinda ibibavangura. Vyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu. Ku bwa Evariste Ndayishimiye, Abarundi bose barabuze kuri iryo genekerezo. Ariko ku yandi matariki adahurirana n’ikigandaro ku rwego rw’igihugu, imiryango y’ababuze ababo izobibuka uko yahora ibibuka.