Amakuru
13 août 2022

Kuvuga ko Uburundi budakenye ni ugushinyagurira Abarundi

Kubona umushikiranganji w’Ikigega ca leta avuga ko ubutunzi bw’Uburundi bwifashe neza, ni ukwihera impundu mu kirago. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Amenyesha ko hari ibimenyetso vyibonekeza vyerekana ko Uburundi bukenye cane. Aha akavuga nko kubona ibintu nka vyose bikenewe mu buzima bwa misi yose bikenye mu gihugu.