Amakuru
19 avril 2023

Kuvuga imbere y’abanyagihugu ko Abarundi badakenye ni nko kubashinyagurira

Imvugo y’umukuru w’Igihugu ko Abarundi badakenye irateye isoni. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba, ari mu ndongozi z’Abarundi baba mu gihugu ca Australie. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye avugiye muri komine Mishiha mu ntara ya Cankuzo ko Abarundi badakenye. Pacifique abona ko uravye ubukene Abarundi barimwo, iyo mvugo ata kindi yerekana atari ukuntu umukuru w’Igihugu ashinyagurira Abarundi.