Amakuru
26 mars 2024

Kuva ubu umukozi yakoze ni we azohembwa (Venuste Muyabaga)

Abakozi bahembwa badakora ntibazosubira kubaho mu Burundi. Bivugwa na Venuste Muyabaga, umushikiranganji w’Abakozi n’akazi. Yabimenyesheje kuri uyu wa mbere aho yari aramutse atanguza inyigisho z’ubuhinga bwa none bita « interconnexion » muri ubwo bushikiranganji. Venuste Muyabaga avuga ko n’ivyo gutevya gutunganya amadosiye y’abakozi bitazosubira.