Amakuru
4 novembre 2023

Kuva itariki 1 Nzero 2024, fer à béton izoza iguriwe hanze izotegerezwa kuba yujuje amategeko (BBN)

Ikiringo c’amezi abiri yo kwikosora ni co cahawe abarangurira ama fers à béton hanze. Vyamenyeshejwe n’ikigo kijejwe gucungera ubuziranenge BBN. Séverin Sindayikengera, arongoye ico kigo, amenyesha ko kuva itariki ya 1 Nzero 2024, igihe c’ikigongwe kizoba giheze, y’uko ata fer à béton izosubira kwinjira mu gihugu idakwije ivyangombwa.