Amakuru
11 janvier 2024

Kuva CNDD-FDD ishitse ku butegetsi, yaranzwe no gusubiza inyuma demokarasi (UPD-Zigamibanga)

Umugambwe CNDD-FDD ni umwansi wa demokarasi mu Burundi. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Ni inyuma y’aho umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi amenyeshereje icipfuzo c’uko hogaruka intwaro y’umugambwe umwe rudende mu Burundi. Chauvineau Mugwengezo abona ko kuva CNDD-FDD igiye ku butegetsi, yaranzwe no gusambura imigambwe yose ikomeye kugira ishobore gusigara yiganziye yonyene urubuga rwa politike.