Amakuru
17 juillet 2024

Kutubaha abahuza bo ku mitumba ni uguhungabanya inzego z’igihugu (A.L. Kanyana)

Abantu batubaha abahuza bo ku mutumba bakwiye guhanwa vy’akarorero. Bivugwa n’Umuhuza w’Abarundi Aimé Laurentine Kanyana. Yabivuze mu nama yagiranye n’abanyagihugu bo muri komine ya Gisozi mu ntara ya Mwaro. Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 15 Mukakaro. Asaba abajejwe intwaro kwubahiriza urwo rwego umukuru w’Igihugu yakoze ku mutumba.