Amakuru
14 mars 2023

Kurwanya ivangura no gutorera hamwe inyishu ibibazo bihanze igihugu, ni co cipfuzo c’umugambwe CNL

Abarundi bakwiye kwirinda ivangura maze bakaja hamwe mu gutorera inyishu ibibazo bibahanze. Ni ibivugwa na Agathon Rwasa, arongoye umugambwe CNL. Akaba yabivuze aho hari hakoranijwe kuri uyu wa 12 Ntwarante, ikoraniro risanzwe ry’uwo mugambwe. Uwo mugambwe ukaba kandi wariko uhimbaza isabukuru rigira kane ryawo.