Amakuru
13 décembre 2023

Kurungika abasirikare ku rugamba mu mwambaro w’ikindi gihugu ni akamaramaza (Pacifique Ndayisaba)

Abarundi barakwiye kuvira hasi rimwe bakavugira abasirikare bariko basiga ubuzima muri Congo ku nyungu z’akarwi kari ku butegetsi. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba, ari mu barongoye Ishirahamwe ry’Abarundi baba mu gihugu ca Australie. Yibutsa Abarundi ko ari akamaramaza kubona igisirikare camburwa umwambaro w’igihugu kikaja kurwana nk’abacangero mu kindi gihugu.