Amakuru
7 mars 2024

Kurungika abasirikare b’Abarundi muri Congo ntigusiguritse, kukonona isura y’igihugu (MAP-Burundi)

Birateye isoni kubona uno munsi abasirikare b’Uburundi bagenda gukoreshwa nk’abacangero muri Congo. Na cane cane bagiye gufashanya na FDLR yakoze ihonyabwoko mu gihugu c’Urwanda. Ivyo binegurwa n’umuhari MAP-Burundi Buhire. Ku bwa Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’uwo muhari, iyo ngwano nta nyungu n’imwe Uburundi buzohakura. Libérat Ntibashirakandi abandanya avuga ko ingaruka z’abo basirikare barungikwa muri Congo ari mbi kandi nyinshi. Na cane cane ko Uburundi buriko buhatakariza uburyo bwinshi kandi igihugu uno munsi kiri mu bukene ntangere. Ikindi kikaba ari uko abo basirikare bazofatwa nk’abifatanije kwica Abanyecongo b’ubwoko bw’Abatutsi.