Kuri uno wa kabiri, niho hashingurwa musenyeri Jean Louis Nahimana, yitavye Imana ku wa 07 Nzero umwaka w’2021, inyuma y’ukurwarira mu bitaro mu gisagara ca Bujumbura. Musenyeri Jean Louis Nahimana akaba yari yavukiye i Rennes mu gihugu c’Ubufaransa mu 1964, akurira mu Burundi. Inyuma y’ukuronswa ibanga ry’ubusaseredoti mu mwaka w’1992, yagiye ararongora paruwase zitandukanye nka Muramvya, Nyakabiga, Cathédrale Regina Mundi, Esprit de sagesse, Sainte famille yo mu Kinama, mu nyuma agenwa kuba icegera c’umwungere wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, akaba ariyo mabanga yakoze kuva mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2009. Musenyeri Jean Louis Nahimana akaba azwi kandi nk’uwarongoye umurwi ujejwe kuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR kuva muri Kigarama umwaka w’2014 gushika muri Kigarama umwaka w’2018. Akaba yari azwi nk’umwe mu Barundi barengera indyane z’amoko zagiye zirasinzikaza Uburundi, zahitanye mbere na se wiwe Joseph Nahimana mu mwaka w’1969.
Amakuru
20 janvier 2021