Amakuru
3 mai 2024

Kuki abantu banyuruzwa bakicwa kandi igihano co gupfa caravuyeho ? (A. Rwasa)

Ubuzima bw’umuntu ni amazi aseseka ntibayore, butegerezwa kwubahirizwa kandi bugakingirwa. Ako ni akamo gaterwa na Agathon Rwasa, yahoze arongoye umugambwe CNL. Akamo atera cane cane abategetsi inyuma y’amakuru amenyesha ko hari umukenguzamateka aheruka kuburwa irengero i Gihanga mu ntara ya Bubanza. Ku bwa Agathon Rwasa, ubutegetsi bwotegerejwe guca mu nzira zitegekanijwe n’amategeko kugira bugire ico bubaza abantu, na cane cane ko igihano c’urupfu cafuswe.