Amakuru
14 juin 2024

Kugarukana igihano co gupfa, ni umuti ku kibazo c’ubutunzi (G. Ndabirabe)

Umukuru w’Inama nshingamateka, Gélase Daniel Ndabirabe, asaba ko hosubizwaho igihano co gupfa kugira ikibazo c’igitoro kimaze imyaka kibura gishobore kuboneka. Abona ko kibura kubera hari abakinyegeza kugira bagishore hanze y’Uburundi, ico gihano co gupfa kikaba ari bo cogenerwa. Yabivuze ku munsi wa kane, aho Inama nshingamateka yariko iriga itegeko ry’amafaranga leta izokoresha mu mwaka w’2024-2025. Mu mvugo ya Ndabirabe, yanahamagariye guca ibikonjo abo bose bakorera ku masoko yo mu gifuri bita marché noir badandaza amafaranga y’agaciro kubera banse kuyacisha muri banki nkuru BRB.