Amakuru
31 décembre 2021

Kubw’umukuru w’Igihugu, Uburundi burafise ububasha bwo kwemeza ko habaye ihonyabwoko mu 1972

Kwemeza icaha c’ihonyabwoko bikorwa n’Igihugu c’Uburundi cisunze igitabo c’amategeko mpanavyaha, si ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribifitiye uburenganzira. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Kigarama mu kiganiro yagiranye n’abanyagihugu be n’abamenyeshamakuru. Evariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko Uburundi ari igihugu cigenga atari ONU yoza kwita izina ubwicanyi bwahabereye.