Amakuru
31 décembre 2021

Kubw’umukuru w’Igihugu, abahitanywe n’umuriro waturiye ibohero rya Gitega barahambanywe iteka

Abarundi bose barazi ko abanyororo bahiriye mw’ibohero rya Gitega bahambanywe iteka. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagirije umumenyeshamakuru yabajije ikibazo kijanye n’iryo hambwa ko ari ukugomba gukwiza ibihuha abesha, acapfuza igihugu. Hari mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 29 Kigarama.