Amakuru
17 mai 2024

Kubura kw’umuyagankuba mu Burundi kuragabanya umwimbu (CFCIB)

Ubukene bw’umuyagankuba hamwe n’ubukene bw’amafaranga mvamakungu ni intambamyi ikomeye mu kurwiza umwimbu w’ibishorerwa hanze. Bivugwa na Olivier Suguru, arongoye ihuriro ry’abarwizatunga bo mu Burundi, CFCIB. Yabivugiye mu nama yahuje abarwizatunga bashorera ibintu hanze y’igihugu yabaye ku munsi wa kabiri. Ariko Olivier Suguru agahumuriza abadandaza ko ishirahamwe REGIDESO ryiyemeje ko vuba rigiye gutorera umuti ikibazo c’ikena ry’umuyagankuba.