Amakuru
23 juin 2022

Kubura abakozi banonosoye akazi, kimwe mu ntambamyi z’abagwizatunga mu Burundi

Kubura abakozi babinonosoye hamwe no kubura abiyumvira ibintu bishasha ni bimwe mu nzitizi abagwizatunga bagira mu Burundi. Bivugwa na Olivier Suguru, arongoye ishirahamwe ry’abagwizatunga CFCIB. Asaba leta gufasha kugira inyigisho zisunge ibikenewe kw’isoko ry’imirimo.