Amakuru
26 janvier 2021

Kubona Révérien Ndikuriyo ari we yatowe kuba umukuru w’umugabwe CNDD-FDD, nta wokwizera ko inzira y’ibiganiro izokwigera ifatwa n’uwo mugambwe

Kubona Révérien Ndikuriyo ari we yatowe kuba umukuru w’umugabwe CNDD-FDD, nta wokwizera ko inzira y’ibiganiro izokwigera ifatwa n’uwo mugambwe. Bivugwa n’urunani CFOR-Arusha, rusanzwe rutavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Gitega. Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urwo runani, akabona ko Révérien Ndikuriyo yamye arangwa n’inzira yo gukoresha inguvu be no gutoteza abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’ubu ariyo azobandanya.