Amakuru
28 décembre 2022

Kubona abategetsi barongoye inzego zo hejuru muri EAC ari Abarundi, nta nyungu bifitiye igihugu

Uburundi bwarakize, n’ikimenyamenya ni bwo burongoye ibihugu vyo mu karere. Bivugwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Ibitabonwa co kimwe n’abatavuga rumwe na leta. Frédéric Bavuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, amenyesha ko indongozi ziri mu bibanza vyo hejuru mu karere ata co bimarira Abarundi, ngo kanatsinda, mu kuhaja ntibaravye ico bamaze.