Amakuru
16 juillet 2022

Kubeshuza inkuru, ni uburenganzira burekurwa n’amategeko y’umwuga wo kumenyesha amakuru

Umuntu atashimye inkuru yamuvuzweko yaciye mu kinyamakuru, arafise uburenganzira bwo gusaba umwanya muri ico kinyamakuru akayibeshuza canke agatanga umuco ku vyavuzwe. Ni umwihwezo w’umushingwamanza Gérard Ntahe, yanonosoye ibijanye n’amategeko agenga umwuga wo kumenyesha amakuru. Ni mu gihe umumenyeshamakuru akorera Radiyo Isanganiro mu ntara ya Karusi asabiwe muri iyo ntara kuzoza arereka inkuru yakoze umutegetsi wese yega, imbere y’uko ivugwa. Blaise Pascal Kararumiye akaba amaze no kurengutswa incuro zibiri n’abarongoye iyo ntara kugira yisigure ku nkuru yatanze, ariko itigeze ibeshuzwa. Umushingwamanza Gérard Ntahe aributsa ko kizira ko umumenyeshamakuru yereka umutegetsi n’umwe ibiri mu nkuru yakoze, kugira ayemeze imbere y’uko ivugwa.