Amakuru
29 mai 2024

Kubera ugusubiza hamwe, Tatien Sibomana arizera ko bizofasha mu kwigira hamwe ibihanze igihugu

Mu nama yo gusubiza hamwe amashami y’umugambwe UPRONA mu mpera z’indwi iheze, Tatien Sibomana, aserukira umugambwe UPRONA wahora utemewe n’ubutegetsi, aremaza ko ukwo gusubiza hamwe kw’abanywanyi b’umugambwe, kuzotuma umugambwe usubira gukomera bikwiye, ku buryo uzoshobora gutorera umuti ibibazo bihanze umugambwe n’igihugu muri rusangi.