Amakuru
1 décembre 2022

Kubera ugufatwa ku nguvu kwimonogoje, abakenyezi bo mw’ikambi y’impunzi y’i Lusenda barataka

Abakenyezi bo mw’ikambi y’i Lusenda muri Congo baratekewe n’ubwoba n’ifatwa ku nguvu ry’urutavanako. Ayo mabi akorwa n’abantu bo mu mirwi yitwaje ibigwanisho. Hagize umwe muri abo bakorewe amabi canke iyindi mpunzi yoba yarabonye ababikoze, aca yicwa. Bakaba bataka basaba gukingirwa. Ako kamo karaterwa kandi n’abaharanira agateka ka zina muntu. Ni nk’urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, CBDH-VICAR. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, atera akamo ishirahamwe HCR n’abategetsi ba Congo ko bokwihutira gukora ibishoboka kugira babakingire.