Amakuru
17 décembre 2021

Kubera iki hapfunzwe abagiye kubaza ababo bapfiriye mw’ibohero rya Gitega?

Abantu batandatu barapfungiwe mu ntara ya Gitega kuva ku munsi wa mbere w’iyi indwi. Ni bamwe mu miryango yari yagiye kubaza ku bijanye n’ababo bahitanywe n’umuriro mw’ibohero rikuru rya Gitega. Muganga Jean Minani avuga ko bibabaje cane kubona bamwe mu bafise ababo bapfungiwe mw’ibohero rya Gitega bafatwa bagapfungwa kubera bishikiye kuri iryo bohero kubaza amakuru y’abaryango babo. Uwo arongoye urunani CNARED akabona ko ari itotezwa ry’abo banyagihugu. Agasaba umukuru w’Igihugu guhaguruka agasubiza agateka Abarundi yongere ahane uwurongoye ibohero rya Gitega hamwe n’abantu bose bari kuri iryo bohero umunsi risha rigatokombera.