Amakuru
9 novembre 2023

Kuba Uburundi bwaragiye mu ntambara zibuhuza n’umuhari M23, bibuhesha isura mbi mu karere ka EAC

Kujana abasirikare b’Uburundi kurwana n’umuhari M23 gushobora kugira ingaruka mbi mu guhesha isura mbi igihugu c’Uburundi mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko risanzwe muri kino gihe rirongowe na Evariste Ndayishimiye. Uwo n’umwihwezo w’umumenyeshamakuru Albert Rudatsimburwa, akurikiranira hafi ibibazo vy’umutekano na politike mu gihugu ca Congo. Ku bwiwe, leta y’Uburundi yarahonyanze amasezerano agenga abasirikare ba Afrika y’ubuseruko muri Congo, kuko ha gufasha ngo amahoro n’umutekano bigaruke muri ico gihugu, nyabuna Uburundi bwakoze igihushane.