Amakuru
23 mars 2024

Ku bwa leta ya Congo, igihano co gupfa kizofasha kugarukana amahoro n’umutekano

Leta ya Congo ngo nta kundi yari kugira atari gusubizaho igihano co gupfa ku bakora ivyaha kubera vyabaye vyinshi kandi bidahanwa. Vyasiguwe n’umushikiranganji wo Kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa leta ya Congo, mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru i Kinshasa ku wa 20 Ntwarante. Ku bwa Partick Muyaya, iyo ngingo izotuma habaho ukugarukana amahoro n’umutekano muri Congo, na cane cane mu karere k’ubuseruko hasanzwe hariko haberamwo intambara n’ubwicanyi bwinshi. Umushikiranganji w’Ubutungane na we akaba yaramaze guha itegeko inzego zose z’ubutungane kugira iyo ngingo ije mu ngiro.