Kaminuza Laudato Si’ – Le Palmier, iri ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge, yashinzwe na diyoseze ya Bururi, yarinjiwe icese ku munsi wa gatandatu. Umwungere wa diyoseze ya Bururi, musenyeri Salvator Niciteretse, yaramenyesheje ko iyo kaminuza ije gufasha abanyeshure bahora bafata ingendo ndende bagiye kwiga kaminuza. Ikindi na co, iyo kaminuza ngo izofasha mu guha imico y’ubuntu n’ukunywana abo banyeshure.
Amakuru
5 mars 2024