Amakuru
11 mai 2022

Kahise k’igihugu karatandukanye n’ak’umugambwe uwo ari wo wose

Umugambwe CNDD-FDD uriko uratanga inyigisho ku rwaruka rw’Imbonerakure. Ko uwo mugambwe udasanzwe ukwiye gufatwa nk’igihugu na kahise k’Uburundi bikaba ari bimwe mu vyigishwa. Révérien Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yabivuze ku munsi w’Imana igenekerezo ry’8 Rusama umwaka w’2022 aho umugambwe CNDD-FDD wariko urakira abanywanyi bashasha muri komine Nyabiraba y’intara ya Bujumbura. Ivyo bikaba bitashimishije na gato abandi banyepolitike batari muri uwo mugambwe.