Amakuru
15 novembre 2021

Juvénal Ndereyimana na Me Thaddée Kantungeko biyongera ku rutonde rw’ababuzwe irengero mu Burundi

Juvénal Ndereyimana hamwe n’umushingwamanza Thaddée Kantungeko, baturuka muri komine ya Songa mu ntara ya Bururi, banyurujwe haraciye amezi atanu, kuva itariki ya 10 Ruheshi 2021. Isekeza Ndondeza rikavuga ko iryo nyuruzwa ryerekana neza ko intwaro ya Evariste Ndayishimiye ibandanya kunyuruza abanyagihugu. Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza, avuga ko iperereza rya gisirikare rifise uruhara mw’inyuruzwa ry’abanyagihugu mu Burundi. Agasaba abarongoye igihugu kwisubirako bagahagarika ayo mabi atagira izina ariko arakorerwa Abarundi.