Uburundi ngo buracarindiriye ko Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ribubakira ikibuga. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Alexandre Muyenge, arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Uwo arongoye ishirahamwe FFB amenyesha kandi ko mu bihugu mirongo ibiri birabwa n’uwo mugambi, harimwo Uburundi, ata na hamwe uratangura.
Amakuru
27 mai 2022