Amakuru
6 décembre 2023

Iyubahirizwa ry’amategeko ryotuma ubutunzi bukoreshwa ico bwagenewe (Eulalie Nibizi)

Evariste Ndayishimiye ahamagarirwa kubanza kwubahiriza amategeko, imbere y’ugusaba abandi guterera muri ibi na biriya. Iyo ni impanuro ya Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi. Ni inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye asavye abantu bifise kugura intebe z’amashure. Mu vyo Eulalie Nibizi amusaba, harimwo gukurikiza itegeka risaba abategetsi kumenyekanisha amatungo yabo igihe bagenwe, n’igihe bavuye mu mabanga.