Amakuru
8 juillet 2022

Iyo umukuru w’Igihugu yirengagiza ikumira ribera mu gihugu arongoye

Amajambo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gushikiriza avuga ko Abarundi baba hanze bakwiye gutaha gukorera mu gihugu, araraje ishinga abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu, ngo Ndayishimiye yoba yirengagiza ibikorerwa muri leta yiwe. Ku bwa Bamvuginyumvira nyene, ngo umukuru w’Igihugu abivuga yirengagije ikumira riranga intwaro ya CNDD-FDD mw’itangwa ry’akazi.