Amakuru
22 décembre 2022

Iyo ico umuntu yahunze kihavuye, aca ahunguka, ntarindira guterwa akamo na leta

Iyo ico umuntu yahunze kitakihari, aca ataha ata wubanje kumuhimiriza. Bivugwa na Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Abivuze inyuma y’urugendo rw’iminsi ibiri rw’intumwa za leta y’Uburundi, aho zari zaje guhimiriza impunzi gutaha. Charles Nditije akibutsa leta ubwicanyi, gupfungira abantu ubusa, kunyuruza abantu bakaburwa irengero vyatumye ahanini impunzi zihunga n’ubu bikibandanya, ari na co gituma abahunze n’ubu batariko barahunguka.