Iyo abashikiranganji bidoze, n’umukuru w’igihugu akidoga, ivyo vyerekana ko igihugu kigeze habi. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ku bwiwe, abona ko ibintu bizobandanya vyunyuka kubera ikimenyane co mu butegetsi. Frédéric Bamvuginyumvira, abishikirije inyuma y’aho umushikiranganji ajejwe ibidukikije avugiye ko yagizweko iterabwoba kubera yariko yiga ikibazo c’inyubako zidakurikije amategeko.
Amakuru
22 février 2021