Impunzi z’Abarundi muri Tanzaniya zibandanya zifatwa nabi. Ubu ho hari n’abababa 30 birukanywe basubizwa mu Burundi ku nguvu ku munsi wa kane uheze. Ni Abarundi ubwa mbere bari barahungiyeyo, hama bafata ingingo y’ugusubira mu Burundi. Ariko mu nyuma basubirayo gusaba kandi ubuhungiro. Bakaba rero bari bahamaze ukwezi kurenga barindiriye inyishu. Iyo ngingo y’abategetsi ba Tanzaniya iranegurwa n’abaharanira agateka ka zina muntu. Akarorero ni nk’Urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR). Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, avuga ko leta ya Tanzaniya yiyumanganya uburenganzira bw’impunzi z’Abarundi, mu gutega amatwi leta bicuditse y’Uburundi.
Amakuru
5 avril 2022